Zaburi 85:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni ukuri, ubukiriro bwayo buri hafi y’abayitinya+,Kugira ngo ubuninahazwa bube mu gihugu cacu+. Imigani 1:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ugutinya Yehova ni yo ntango y’ubumenyi+. Ibipfu vyasuzuguye ubukerebutsi n’indero+. Imigani 14:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Ugutinya Yehova ni iriba ry’ubuzima+, kugira ngo gukevye umuntu ntagwe mu mitego y’urupfu+. Malaki 3:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Maze abatinya Yehova+ baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza+. Nuko igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe+ ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe+. Ivyakozwe 9:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.
16 Maze abatinya Yehova+ baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza+. Nuko igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe+ ku bw’abatinya Yehova no ku bw’abiyumvira izina ryiwe+.
31 Maze koko ishengero+, i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya hose, rija mu kiringo c’amahoro, rirubakwa; kandi kubera ko ryagendera mu gutinya Yehova+ no mu ruhoza rw’impwemu nyeranda+, ryaguma rigwira.