Imigani 27:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+. Matayo 6:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Ku bw’ivyo rero, niwafasha umworo*+, ntuvuze urumbete+ imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira baninahazwe n’abantu. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose. Luka 18:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nya Mufarizayo arahagarara+, atangura gusengera+ ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori+.
2 Uw’ahandi abe ari we agushemeza, ntikabe akanwa kawe; umunyamahanga abe ari we abigira, ntibe iminwa yawe bwite+.
2 Ku bw’ivyo rero, niwafasha umworo*+, ntuvuze urumbete+ imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira mu masinagogi no mu mabarabara, kugira baninahazwe n’abantu. Ni ukuri ndabibabwiye: Baramaze kuronka impembo yabo yose.
11 Nya Mufarizayo arahagarara+, atangura gusengera+ ku mutima ati: ‘Ewe Mana, ndagukengurukira yuko ntameze nk’abandi bantu: abanyazi, abakora ibitagororotse, abarenga ibigo, canke mbere nk’uyu mutozakori+.