Yesaya 1:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+. Ezekiyeli 18:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nayo se wiwe, kubera ko yakoze ivy’ubugunge bweruye+, akanyaga ikintu mwene wabo ku bwambuzi+, agakora ikintu cose kitari ciza hagati mu bisata vy’abantu b’iwabo+: uwo rero ategerezwa gupfa azize ikosa ryiwe+. Mika 3:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.”
23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.
18 Nayo se wiwe, kubera ko yakoze ivy’ubugunge bweruye+, akanyaga ikintu mwene wabo ku bwambuzi+, agakora ikintu cose kitari ciza hagati mu bisata vy’abantu b’iwabo+: uwo rero ategerezwa gupfa azize ikosa ryiwe+.
11 Abakuru biwe baca imanza ku giturire+, abaherezi biwe bakigishiriza ingero+, abahanuzi biwe na bo bakaragura ku mahera+; yamara baguma bishimikiza Yehova mu kuvuga bati: “Mbega Yehova ntari hagati muri twebwe+? Ntituzoshikirwa n’ivyago+.”