Imigani 13:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Uwutangīra inkoni yiwe aba yanka umwana wiwe+, mugabo uwumukunda ni uwumurondeza indero+. Imigani 19:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Hana umwana wawe hakiriho icizigiro+; kandi ntiwipfuze kumwica+. Imigani 29:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Inkoni be n’igikangiro ni vyo bitanga ubukerebutsi+; mugabo umwana arekeranwa azomaramaza nyina+. Imigani 29:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Hana umwana wawe, na we azokuzanira akaruhuko yongere ahe umutima wawe agahimbare kenshi+. Abanyefeso 6:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera+ mu kubatoza indero+ no mu kuyobora ivyiyumviro+ vyabo nk’uko Yehova yashinze.
4 Namwe ba se, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera+ mu kubatoza indero+ no mu kuyobora ivyiyumviro+ vyabo nk’uko Yehova yashinze.