Gusubira mu vyagezwe 7:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+. Zaburi 37:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Mugabo abatekereza bazokwigabira isi+,Kandi bazokwinovora amahoro menshi+. Zaburi 37:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu+,Kandi intoranwa yabo izogumaho no gushika igihe kitagira urugero+. Zaburi 37:37 Bibiliya y’isi nshasha 37 Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse+,Kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro+. Zaburi 84:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko Yehova Imana ari izuba+ n’inkinzo+;Ubutoni n’ubuninahazwa ni vyo atanga+.Yehova nta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu+. Imigani 15:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Mu nzu y’umugororotsi haba ikigega kibogaboga+, mugabo mu mwimbu w’umubisha haba ugukumīrwa+.
12 “Kandi, kubera ko mubandanya kwumviriza izi ngingo z’ubutungane, mukazigumya kandi mukazishitsa+, Yehova Imana yawe azogumya koko ku bijanye na wewe rya sezerano+ na bwa buntu bwuzuye urukundo, bimwe yarahira ba sogokuruza bawe+.
18 Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu+,Kandi intoranwa yabo izogumaho no gushika igihe kitagira urugero+.
37 Itegereze uwutagirako umugayo, ugume uraba uwugororotse+,Kuko kazoza k’uyo muntu kazorangwa n’amahoro+.
11 Kuko Yehova Imana ari izuba+ n’inkinzo+;Ubutoni n’ubuninahazwa ni vyo atanga+.Yehova nta ciza na kimwe azokwima abagendera mu kutagira amahinyu+.