Kuvayo 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yehova aca amubwira ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova+? Yeremiya 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje+. Maze Yehova ambwira ati: “Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+. Matayo 10:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 kuko atari mwebwe gusa muzovuga, mugabo impwemu ya So ni yo izovuga biciye kuri mwebwe+. Luka 12:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 kuko impwemu nyeranda+ izobigisha kuri iyo saha nyene ivyo mubwirizwa kuvuga+.” Luka 21:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 kuko nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza+.
11 Yehova aca amubwira ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova+?
9 Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje+. Maze Yehova ambwira ati: “Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+.
15 kuko nzobaha akanwa n’ubukerebutsi ababarwanya bose hamwe batazoshobora kurwanya canke guhaririza+.