11 Abantu bose bari mw’irembo n’abagabo b’inararibonye baca bavuga bati: “Turi ivyabona! Yehova nahe umugore aje mu nzu yawe kuba nka Rasheli+ na Leya+, bompi bakaba bubatse inzu ya Isirayeli+; nawe werekane agaciro kawe muri Efurata+ kandi wiheshe izina rikomeye muri Betelehemu+.