Itanguriro 3:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.” Yobu 14:1 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Umuntu, uwavutse ku mugore+,Abaho igihe gitoyi+ kandi yuzuye umudugararo+. Zaburi 49:20 Bibiliya y’isi nshasha 20 Umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, mugabo adatahura+,Vy’ukuri yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+. Zaburi 73:22 Bibiliya y’isi nshasha 22 Kandi nari nabaye imburabwenge, sinamenya+;Nari nacitse nk’ibikoko bukoko kuri wewe+. 2 Petero 2:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mugabo abo bantu, cokimwe n’ibikoko bitiyumvira vyavukiye gufatwa no kwicwa, muri nya bintu batazi kandi batuka+, bazoshikirwa mbere n’agatikizo mu ngendo yabo bwite y’ugutikizwa,
19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”
20 Umuntu yakuwe mw’ivu naho aba ari n’iteka, mugabo adatahura+,Vy’ukuri yogereranywa n’ibikoko vyatikijwe+.
12 Mugabo abo bantu, cokimwe n’ibikoko bitiyumvira vyavukiye gufatwa no kwicwa, muri nya bintu batazi kandi batuka+, bazoshikirwa mbere n’agatikizo mu ngendo yabo bwite y’ugutikizwa,