ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 8:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 kandi azokwigenera abakuru baganza ibihumbi+ n’abakuru baganza mirongo itanitanu+, abandi na bo kugira bamurimire+ no kugira bashwabure umwimbu wiwe+ no kugira bahingure ibirwanisho+ vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+.

  • 1 Abami 4:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Kandi Salomo yari afise ivyariho cumi na bibiri kuri Isirayeli yose, bakaba baronsa ibifungurwa umwami n’urugo rwiwe. Umwe wese yari ajejwe ibanga ryo kubaronsa ibifungurwa ukwezi kumwe mu mwaka+.

  • 1 Abami 21:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Nuko Ahabu abwira Naboti ati: “Numpe+ umurima w’imizabibu wawe+, kugira ngo umbere umurima+ w’imboga+, kuko wegereye inzu yanje; ureke ndaguhe mu kibanza cawo umurima w’imizabibu mwiza kuwurusha. Canke nimba ari vyiza mu maso yawe+, ndaguha amahera bwa kiguzi cawo.”

  • 2 Ngoma 26:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Vyongeye, yubaka iminara+ mu gahinga, yimba amatangi menshi (kuko yari yararonse ibitungwa vyinshi), agira gutyo no muri Shefela*+ no mu ntara y’itaba. Mu misozi n’i Karumeli hariyo abarimyi n’abakozi bo mu mirima y’imizabibu, kuko yakunda uburimyi.

  • Indirimbo ya Salomo 8:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “Umurima wanje w’imizabibu, uwanje, ndawifitiye. Ico gihumbi ni rwawe, ewe Salomo, amajana abiri na yo ni ay’abacunga ivyamwa vyawo.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika