ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Yosuwa 7:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Igihe nabona+ mw’isahu impuzu y’ibango iryoheye ijisho y’i Shinari+, na shekeli amajana abiri z’ifeza n’ingegene imwe y’inzahabu ipima shekeli mirongo itanu, naciye ndavyipfuza+, maze ndabitwara+; kandi ehe binyegejwe mu kuzimu hagati mw’ihema ryanje, amahera akaba ari munsi ya nya mpuzu+.”

  • Ezekiyeli 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Maze abandanya kumbwira ati: “Mbega wabonye ivyo bintu ga mwana w’umuntu? Mbega ni icoroshe ku nzu ya Yuda gukora ivyo bintu biteye ishishi bakoreye ng’aha, ku buryo barinda kwuzuza igihugu ubukazi+, bakongera kumbabaza, kandi bagatuma agashami* ku zuru ryanje?

  • Ezekiyeli 16:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “‘Kandi warafata abahungu bawe n’abakobwa bawe wari waramvyariye+, ukabatanga bwa kimazi kuri vyo ngo barotswe+—mbega ntiwogeza aho ubumaraya bwawe?

  • 2 Timoteyo 4:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+—

  • Yakobo 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ku bw’ivyo, mwiyambure umucafu wose be na ca kintu kidakenewe, ari co bubi+, hanyuma mwemerane ubwitonzi uguterwa kwa rya jambo+ rishobora gukiza ubuzima bwanyu+.

  • 2 Petero 2:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Bafise amaso yuzuye ukurenga ibigo+ kandi adashobora kuvavanura n’igicumuro+, kandi bararyosharyosha imitima idashikamye. Bafise umutima wamenyerejwe umwina+. Ni abana bavumwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika