Zaburi 25:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Ubugenzi somambike na Yehova ni ubw’abamutinya+,Mbere n’isezerano ryiwe, kugira aribamenyeshe+. Zaburi 34:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nimutinye Yehova, yemwe beranda biwe+,Kuko abamutinya ata co babura+. Zaburi 103:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe+,Ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya+. Imigani 23:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Umutima wawe ntiwumvire agashari abacumuzi+, ahubwo nutinye Yehova burinde bwira+.