3 “Ubwato bw’umuvinyu nabuganishijemwo ibirenge jenyene+, ata n’umwe turi kumwe wo mu bisata vy’abantu. Nagumye ndabaganisha ibirenge mw’ishavu ryanje+, nguma ndabakandagira mu bushangashirwe bwanje+. Amaraso yabo ataruka yaguma atarukira ku mpuzu zanje+, kandi ivyambarwa vyanje vyose naravyanduje.