4 Hari aho Yehova Imana yawe yokwumva+ amajambo yose ya Rabushake, uwo umwami wa Ashuri umukama wiwe yatumye gucokora+ Imana nzima, maze akagira ico amubaza koko ku bw’amajambo Yehova Imana yawe yumvise+. Uture isengesho+ ku bw’amasigarira+ asigaye.’”