Gusubira mu vyagezwe 30:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 “Kuko iri bwirizwa ndagutegetse uno musi atari amananiza kuri wewe, canke ngo ribe kure cane+. Imigani 8:1 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mbega ubukerebutsi ntibuguma busemerera+, n’ugutahura kukaguma gusohora ijwi ryakwo+? Yesaya 48:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 “Nimuze hafi yanje. Nimwumvirize ibi. Kuva mu ntango sinavugiye namba mu bwihisho+. Kuva bibaye, namye ari ho ndi.” Ubu rero Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe+.
16 “Nimuze hafi yanje. Nimwumvirize ibi. Kuva mu ntango sinavugiye namba mu bwihisho+. Kuva bibaye, namye ari ho ndi.” Ubu rero Umukama Segaba Yehova ubwiwe arantumye, mbere impwemu yiwe+.