Kuvayo 4:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Yehova aca amubwira ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova+? Yeremiya 1:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje+. Maze Yehova ambwira ati: “Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+. Yohani 7:46 Bibiliya y’isi nshasha 46 Nya bapolisi bishura bati: “Ntiharigera haboneka umuntu avuga nka we+.”
11 Yehova aca amubwira ati: “Ni nde yaremeye umuntu umunwa, canke ni nde agira umuntu ikiragi canke igipfamatwi canke uwubona neza canke impumyi? None si jewe Yehova+?
9 Yehova aca atuma ukuboko kwiwe agukoza ku munwa wanje+. Maze Yehova ambwira ati: “Ehe nshize amajambo yanje mu kanwa kawe+.