Zaburi 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ati: “Jewe, jewe nyene, nimitse umwami wanje+Kuri Siyoni+, umusozi wanje mweranda+.” Zaburi 110:1 Bibiliya y’isi nshasha 110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:“Icara iburyo bwanje+,Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.” Yesaya 9:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko hari umwana atuvukiye+, hari umuhungu duhawe+; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe+. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho+, Umuganwa w’amahoro+. Matayo 28:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Yezu aregera, ababwira ati: “Ububasha+ bwose narabuhawe mw’ijuru no kw’isi.
110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:“Icara iburyo bwanje+,Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”
6 Kuko hari umwana atuvukiye+, hari umuhungu duhawe+; ubutware bwa kiganwa buzoba ku rutugu rwiwe+. Kandi izina azokwitwa ni Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho+, Umuganwa w’amahoro+.