Gusubira mu vyagezwe 15:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+. Zaburi 41:1 Bibiliya y’isi nshasha 41 Hahiriwe uwitwararika umuntu mutoyi+.Ku musi w’ivyago Yehova azomukiza+. Imigani 28:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Uwuha ntahonikora nta bukene azogira+, mugabo uwunyegeza amaso yiwe azoronka imivumo myinshi+.
7 “Nihagira umwe muri bene wanyu acika mworo iwawe muri kimwe mu bisagara vyawe, mu gihugu cawe Yehova Imana yawe agira aguhe, ntuze ukomantaze umutima wawe canke ngo upfumbate igipfunsi* imbere ya mwene wanyu mworo+.