21 Kandi ntuzobura kuvuga mu mutima wawe uti: ‘Aba ni nde yabamvyariye, ko ndi umugore yahekuwe kandi w’ingumba, yagiye mu bunyagano kandi akajanwa ari imbohe+? Aba bo ni nde yabareze+? Raba! Jewe nari natawe jenyene+. Aba, bahora he+?’”
7 “‘Nzotigitisha amahanga yose, maze ibintu bihimbaye vyo mu mahanga yose bizoza ata kabuza+; nzokwuzuza iyi nzu ubuninahazwa+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.