Kuvayo 23:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Mu gihugu cawe ntihazoba umugore inda ikorokana canke umugore w’ingumba+. Nzotuma igitigiri c’imisi yawe kiba icuzuye+. Yesaya 33:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kandi nta wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye+.” Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo+. Yesaya 54:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Abana bawe bose+ bazoba abigishijwe na Yehova+, kandi amahoro y’abana bawe azoba menshi+.
26 Mu gihugu cawe ntihazoba umugore inda ikorokana canke umugore w’ingumba+. Nzotuma igitigiri c’imisi yawe kiba icuzuye+.