Yesaya 16:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ni co gituma nzorira amarira ya Yazeri, ndizwa n’umuzabibu wa Sibuma+. Nzogutotesha amosozi yanje, ewe Heshiboni+ na Eleyale+, kuko akaruru kaguye mbere kw’ici ryawe no kw’iyimbura ryawe+. Habakuki 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika+, n’umwimbu ntuboneke ku mizabibu; naho igikorwa c’igiti c’umwelayo coba koko impfagusa, n’imikobeko ntiyimbuke ibifungurwa+; naho umukuku wohona koko mu ruhongore rw’ibitungwa, kandi mu ngo ntihabemwo ubusho+;
9 Ni co gituma nzorira amarira ya Yazeri, ndizwa n’umuzabibu wa Sibuma+. Nzogutotesha amosozi yanje, ewe Heshiboni+ na Eleyale+, kuko akaruru kaguye mbere kw’ici ryawe no kw’iyimbura ryawe+.
17 Naho igiti c’umusukoni kitoshurika+, n’umwimbu ntuboneke ku mizabibu; naho igikorwa c’igiti c’umwelayo coba koko impfagusa, n’imikobeko ntiyimbuke ibifungurwa+; naho umukuku wohona koko mu ruhongore rw’ibitungwa, kandi mu ngo ntihabemwo ubusho+;