ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 106:47
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 47 Dukize, ewe Yehova Mana yacu+,

      Utwegeranye udukuye mu mahanga+

      Ngo dukengurukire izina ryawe ryeranda+,

      Ngo tuvugane ukwigina tugushemeza+.

  • Yesaya 11:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: Yehova azokwongera gutanga ukuboko kwiwe, ubugira kabiri+, kugira ngo yironse amasigarira y’abantu biwe bazoba basigaye, bavuye muri Ashuri+ no mu Misiri+ n’i Patirosi+ n’i Kushi+ n’i Elamu+ n’i Shinari+ n’i Hamati no mu mazinga y’ikiyaga+.

  • Yesaya 35:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kandi abacunguwe na Yehova bazogaruka+ baze koko i Siyoni n’akamo k’umunezero+; kandi umunezero wo gushika igihe kitagira urugero uzoba ku mutwe wabo+. Bazoshikira umwigino n’umunezero, kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+.

  • Yeremiya 29:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Nanje nzoreka mundonke+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Nzokwegeranya umugwi w’imbohe wanyu, ndabakoranirize hamwe ndabakuye mu mahanga yose n’ahantu hose nabashwiragirije+,’ ni ko Yehova avuze. ‘Kandi nzobagarukana ahantu nabakuye nkabajana mu bunyagano+.’

  • Yeremiya 31:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Ehe ngira ndabazane ndabakuye mu gihugu co mu buraruko+; nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu mihingo y’isi ya kure kuruta iyindi+. Muri bo hazoba harimwo impumyi n’uwucumbagira, umugore yibungenze n’uwugira yibaruke, bose hamwe+. Bazogaruka ng’aha ari ishengero rinini+.

  • Zakariya 10:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Nzobahamagaza agahwa+ ndabakoranirize hamwe; kuko nzobacungura ata kabuza+, kandi bazogwira, nk’abari baragwiriye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika