ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 26:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Yamara no kuri ivyo vyose, mu gihe bazoba bari mu gihugu c’abansi babo, sinzogenda ndabataye+ canke ngo ndabazinukwe+ ku buryo ndabatikiza, ngo ndenge kw’isezerano ryanje+ nagiranye na bo; kuko ndi Yehova Imana yabo.

  • Nehemiya 9:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Mu mbabazi zawe nyinshi ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe+; kuko uri Imana y’inyempuhwe+ kandi y’inyembabazi+.

  • Zaburi 78:38
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 38 Mugabo yari inyembabazi+; yarapfuka ikosa+, ntihonye+.

      Kenshi yarasubiza inyuma ishavu ryayo+,

      Kandi ntiyavyura ubushangashirwe bwayo bwose.

  • Gucura intimba 3:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo+ vya Yehova ni vyo vyatumye tudaherengetera+, kuko imbabazi ziwe zitazogenda ziheze+.

  • Ezekiyeli 20:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 “‘“Maze ijisho ryanje ritangura kubumvira akagongwe ngo sindabahonye+, sinabatikiriza mu gahinga.

  • Amosi 9:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 “‘Raba! Amaso y’Umukama Segaba Yehova ari ku bwami bucumura+, kandi azobuzimanganya koko ku buringanire bw’ubutaka+. Yamara rero, sinzozimanganya buhere inzu ya Yakobo+,’ ni ko Yehova avuze.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika