Guharura 16:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Maze abwira Kora n’ikoraniro ryiwe ryose ati: “Mu gitondo Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we+ n’uwuri mweranda+ n’uwutegerezwa kwegera hafi yiwe+, kandi uwo azotora+ wese ni we azokwegera hafi yiwe. Zaburi 110:1 Bibiliya y’isi nshasha 110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:“Icara iburyo bwanje+,Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.” Daniyeli 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Nguma nitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, uwusa n’umwana w’umuntu+ yariko azanana n’ibicu+ vyo mu majuru; yemererwa gushika aho Umwe wa kera mu misi+ ari, araheza yegerezwa imbere y’Uwo+. Matayo 3:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Humvikana kandi ijwi+ rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje+, umukundwa+, uwo nashimye+.” Abaheburayo 9:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko+, aho hakaba ari ikigereranyo c’ahantu nyaho+, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho+, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana+.
5 Maze abwira Kora n’ikoraniro ryiwe ryose ati: “Mu gitondo Yehova azomenyesha uwumwegukira uwo ari we+ n’uwuri mweranda+ n’uwutegerezwa kwegera hafi yiwe+, kandi uwo azotora+ wese ni we azokwegera hafi yiwe.
110 Ijambo Yehova abwira Umukama wanje ni iri+:“Icara iburyo bwanje+,Gushika ngize abansi bawe nk’intebe y’ibirenge vyawe+.”
13 “Nguma nitegereza mu vyo neretswe mw’ijoro, maze ehe raba, uwusa n’umwana w’umuntu+ yariko azanana n’ibicu+ vyo mu majuru; yemererwa gushika aho Umwe wa kera mu misi+ ari, araheza yegerezwa imbere y’Uwo+.
17 Humvikana kandi ijwi+ rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uyu ni Umwana wanje+, umukundwa+, uwo nashimye+.”
24 Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko+, aho hakaba ari ikigereranyo c’ahantu nyaho+, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho+, kugira ngo ubu aduserukire imbere y’Imana+.