ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 25:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Maze bafata umwami+ hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni i Ribula+, kugira ngo bamucire urubanza.

  • Yeremiya 34:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Kandi wewe ntuzokira ukuboko kwiwe, kuko uzofatwa ata kabuza, utangwe mu kuboko kwiwe+. Amaso yawe azobona amaso y’umwami wa Babiloni+, kandi akanwa kiwe kazovugana n’akanwa kawe, kandi uzoja i Babiloni.’

  • Yeremiya 37:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Nuko Umwami Zedekiya atuma kumuzana, maze atangura kumubaza ibibazo mu nzu yiwe, mu bwihisho+. Amubwira ati: “Hoba hariho ijambo rivuye kuri Yehova?” Yeremiya na we ati: “Ririho koko!” Yongerako ati: “Uzotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+!”

  • Yeremiya 38:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Mugabo nutasohoka ngo uje ku baganwa b’umwami wa Babiloni, emwe, iki gisagara kizotangwa rero mu kuboko kw’Abakaludaya, na bo bazogituriza umuriro+, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+.’”

  • Yeremiya 39:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mugabo inteko za gisirikare z’Abakaludaya zitangura kuboma inyuma+, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamuduganira Nebukadirezari umwami wa Babiloni i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+.

  • Yeremiya 52:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Maze bafata umwami hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni+ i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+.

  • Ezekiyeli 12:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kandi nzosanza vy’ukuri urusenga rwanje hejuru yiwe, afatirwe mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya+, mugabo ntazokibona; kandi aho ni ho azopfira+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika