2 Abami 25:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Maze bafata umwami+ hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni i Ribula+, kugira ngo bamucire urubanza. Yeremiya 34:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kandi wewe ntuzokira ukuboko kwiwe, kuko uzofatwa ata kabuza, utangwe mu kuboko kwiwe+. Amaso yawe azobona amaso y’umwami wa Babiloni+, kandi akanwa kiwe kazovugana n’akanwa kawe, kandi uzoja i Babiloni.’ Yeremiya 37:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Nuko Umwami Zedekiya atuma kumuzana, maze atangura kumubaza ibibazo mu nzu yiwe, mu bwihisho+. Amubwira ati: “Hoba hariho ijambo rivuye kuri Yehova?” Yeremiya na we ati: “Ririho koko!” Yongerako ati: “Uzotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+!” Yeremiya 38:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Mugabo nutasohoka ngo uje ku baganwa b’umwami wa Babiloni, emwe, iki gisagara kizotangwa rero mu kuboko kw’Abakaludaya, na bo bazogituriza umuriro+, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+.’” Yeremiya 39:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Mugabo inteko za gisirikare z’Abakaludaya zitangura kuboma inyuma+, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamuduganira Nebukadirezari umwami wa Babiloni i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+. Yeremiya 52:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Maze bafata umwami hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni+ i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+. Ezekiyeli 12:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kandi nzosanza vy’ukuri urusenga rwanje hejuru yiwe, afatirwe mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya+, mugabo ntazokibona; kandi aho ni ho azopfira+.
6 Maze bafata umwami+ hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni i Ribula+, kugira ngo bamucire urubanza.
3 Kandi wewe ntuzokira ukuboko kwiwe, kuko uzofatwa ata kabuza, utangwe mu kuboko kwiwe+. Amaso yawe azobona amaso y’umwami wa Babiloni+, kandi akanwa kiwe kazovugana n’akanwa kawe, kandi uzoja i Babiloni.’
17 Nuko Umwami Zedekiya atuma kumuzana, maze atangura kumubaza ibibazo mu nzu yiwe, mu bwihisho+. Amubwira ati: “Hoba hariho ijambo rivuye kuri Yehova?” Yeremiya na we ati: “Ririho koko!” Yongerako ati: “Uzotangwa mu kuboko kw’umwami wa Babiloni+!”
18 Mugabo nutasohoka ngo uje ku baganwa b’umwami wa Babiloni, emwe, iki gisagara kizotangwa rero mu kuboko kw’Abakaludaya, na bo bazogituriza umuriro+, kandi wewe ntuzokira ukuboko kwabo+.’”
5 Mugabo inteko za gisirikare z’Abakaludaya zitangura kuboma inyuma+, zihambiriza Zedekiya mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko+. Maze baramufata bamuduganira Nebukadirezari umwami wa Babiloni i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+.
9 Maze bafata umwami hanyuma bamudugana ku mwami wa Babiloni+ i Ribula+ mu gihugu ca Hamati+, kugira ngo amucire urubanza+.
13 Kandi nzosanza vy’ukuri urusenga rwanje hejuru yiwe, afatirwe mu rusenga rwanje rw’uruhigi+; nzomuzana i Babiloni, mu gihugu c’Abakaludaya+, mugabo ntazokibona; kandi aho ni ho azopfira+.