Gusubira mu vyagezwe 28:52 Bibiliya y’isi nshasha 52 Kandi bazokwugariza mu marembo yawe yose gushika impome zawe ndende kandi zikomejwe wari wizigiye zitemvye mu gihugu cawe cose; emwe, bazokwugariza mu marembo yawe yose ari mu gihugu cawe cose Yehova Imana yawe yaguhaye+. Yeremiya 32:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Ehe abantu baje kuri iki gisagara n’ibikuta vyo kugisugereza+ kugira bagifate+, kandi iki gisagara kizotangwa koko mu kuboko kw’Abakaludaya bariko bakirwanya+, ku bw’inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+; ivyo wavuze birabaye, kandi ehe uravyibonera+.
52 Kandi bazokwugariza mu marembo yawe yose gushika impome zawe ndende kandi zikomejwe wari wizigiye zitemvye mu gihugu cawe cose; emwe, bazokwugariza mu marembo yawe yose ari mu gihugu cawe cose Yehova Imana yawe yaguhaye+.
24 Ehe abantu baje kuri iki gisagara n’ibikuta vyo kugisugereza+ kugira bagifate+, kandi iki gisagara kizotangwa koko mu kuboko kw’Abakaludaya bariko bakirwanya+, ku bw’inkota+ n’ikigoyi+ n’ikiza+; ivyo wavuze birabaye, kandi ehe uravyibonera+.