8 Baza rero kuri Gedaliya i Mizipa, ari bo Ishimayeli+ mwene Netaniya, na Yohanani+ na Yonatani bene Kareya, na Seraya mwene Tanihumeti, na bene Efayi Umunyanetofa+, na Yezaniya+ umuhungu w’Umumayakati+, bo hamwe n’ingabo zabo+.
2 Ishimayeli mwene Netaniya na nya bagabo cumi bari kumwe na we barahaguruka rero, bicisha inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu mwene Shafani+. Gutyo yica uwo umwami wa Babiloni yari yajeje kuganza igihugu+.