7 Mu nyuma abakuru bose b’inteko za gisirikare bari mu misozi+, bo hamwe n’abantu babo, bumva ko umwami wa Babiloni yajeje Gedaliya mwene Ahikamu kuganza igihugu be n’uko yamujeje abagabo n’abagore n’abana batoyi na bamwe mu banyagihugu batobato batari barajanywe mu bunyagano i Babiloni+.