Gusubira mu vyagezwe 28:49 Bibiliya y’isi nshasha 49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+, Yeremiya 4:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ehe azoduga nk’ibicu vy’imvura, kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’ikirura+. Amafarasi yiwe aranyaruka kurusha inkona+. Turagowe, kuko dusahuwe! Hoseya 8:1 Bibiliya y’isi nshasha 8 “Shira inzamba ku munwa+! Hari uwuje nk’inkona+ gutera inzu ya Yehova, kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+.
49 “Yehova azoguhagurukiriza ihanga rya kure+, rivuye ku mpera y’isi, nka kurya inkona ishunguruka kunyahura ikintu+, ihanga rivuga ururimi utumva+,
13 Ehe azoduga nk’ibicu vy’imvura, kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’ikirura+. Amafarasi yiwe aranyaruka kurusha inkona+. Turagowe, kuko dusahuwe!
8 “Shira inzamba ku munwa+! Hari uwuje nk’inkona+ gutera inzu ya Yehova, kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+.