7 Vyongeye, Umwami Kuro ubwiwe asohora ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+, ivyo Nebukadinezari yari yarakuye i Yeruzalemu+ akabishira mu nzu y’imana yiwe+.
2 Mu nyuma Yehova atanga mu kuboko kwiwe Yehoyakimu umwami wa Yuda+, na bimwe mu bikoresho+ vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, ku buryo abizana mu gihugu ca Shinari+ ku nzu y’imana yiwe; nya bikoresho abizana ku nzu y’itunga y’imana yiwe+.