ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 3:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 gushika Yehova ahaye bene wanyu akaruhuko, na mwebwe nyene, emwe, gushika na bo nyene bamaze kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe hakurya ya Yorodani. Inyuma y’ivyo muzogaruka, umwe wese ahantu hiwe yiganzira, aho nabahaye+.’

  • Yeremiya 32:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 ‘Ehe nzobakoraniriza hamwe ndabakuye mu bihugu vyose nzoba nabashwiragirijemwo mw’ishavu ryanje no mu bushangashirwe bwanje no mu burakari bukaze+; nzobagarukana aha hantu, ntume biberaho mu mutekano+.

  • Hoseya 1:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Egome, bene Yuda na bene Isirayeli bazokoranirizwa hamwe mu bumwe+, bishirireho koko umukuru umwe maze baduge bave mu gihugu+, kuko umusi wa Yezireyeli uzoba uhambaye+.

  • Amosi 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Kandi nzogarukana abagizwe imbohe bo mu bantu banje Isirayeli+, na bo bazokwubaka vy’ukuri ibisagara vyagizwe umusaka babibemwo+, batere imirima y’imizabibu binywere umuvinyu wayo, barime n’imirima birire ivyamwa vyayo+.’

  • Zefaniya 3:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Ico gihe nzobacūra, emwe, mu gihe canje co kubakoraniriza hamwe. Kuko nzobagira izina n’ishemezo mu bisata vy’abantu vyose vyo kw’isi, ninagarukana imbohe zanyu muvyibonera,” ni ko Yehova avuze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika