2 Maze igisongerezi umwami yari asanzwe yishimikiza ukuboko kwaco+ cishura uwo muntu w’Imana y’ukuri giti: “Naho Yehova yokwugurura ingomero mu majuru+, mbega ico kintu coba+?” Elisha na we avuga ati: “Ehe uzobibona n’amaso yawe+, mugabo ntuzobiryako+.”