ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 6:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Ku bw’ivyo rero Yehova abona ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi be n’uko impengamiro+ yose y’ivyiyumviro vy’umutima wiwe yari mbi gusa igihe cose+.

  • Itanguriro 8:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+.

  • Imigani 28:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Uwizigira umutima wiwe bwite ni ikijuju+, mugabo uwugendera mu bukerebutsi ni we azokira+.

  • Yesaya 44:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Yihereza iminyota+. Umutima wiwe wahenzwe wamuhubishije+. Kandi ntarokora ubuzima bwiwe, canke ngo avuge ati: “Mbega mu kuryo kwanje ntihari ikinyoma+?”

  • Yesaya 59:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Harabaye ukugabitanya n’ukwihakana Yehova+; twarasubiye inyuma tuva ku Mana yacu, tuvuga ivy’agahahazo n’umugararizo+, turiyumvira twongera tuvugira mu ntamatama amajambo y’ikinyoma, bivuye mu mutima+.

  • Yakobo 1:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite+.

  • Yakobo 1:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 Nimba umuntu yibwira ko ari uwusenga mu buryo nyabwo+ yamara ntajiginyike* ururimi rwiwe+, mugabo akabandanya guhenda umutima wiwe bwite+, ugusenga kw’uwo muntu nta co kuba kumaze+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika