21 Ku bw’ivyo, abana babo nubatange ku kigoyi+, nubatange ku bubasha bw’inkota+; abagore babo nibabe abagore bahekuwe, be n’abapfakazi+. Kandi abagabo babo nibabe abishwe n’ikiza cica, imisore yabo na yo ibe iyasasitswe n’inkota mu rugamba+.
15 Inkota+ iri hanze, ikiza n’ikigoyi na vyo bikaba imbere+. Uwo wese ari mu gahinga, azokwicwa n’inkota; abo bose bari mu gisagara, ikigoyi n’ikiza bizobarotsa+.