11 Kandi abagabo mirongo irindwi+ bo mu bahumure b’inzu ya Isirayeli, Yayazaniya mwene Shafani+ akaba yari ahagaze hagati muri bo, bari bahagaze imbere yavyo, umwe wese afise icotezo ciwe mu kuboko kwiwe, akamoto k’igicu c’imibavu kakaba kariko karaduga+.