16 Kandi hari amadirisha y’ibizingiti bigenda biraga+, ku bw’ivyumba vy’irindiro no ku bw’inkingi zavyo zo mu mbavu amaja imbere mw’irembo, irya n’ino; ukwo ni ko vyari no ku mabaraza. Kandi amadirisha yari irya n’ino amaja indani; kuri nya nkingi zo mu mbavu hari amashusho y’ibigazi+.