18 “Uruhande rwo mu buseruko na rwo ni kuva hagati ya Hawurani+ na Damasiko+, no hagati ya Gileyadi+ n’igihugu ca Isirayeli, ku nkokoro ya Yorodani+, kuva ku rubibe gushika ku kiyaga co mu buseruko. Urwo ni rwo ruhande rwo mu buseruko.
8 Kuri uwo musi, amazi mazima+ azova i Yeruzalemu+, igice kimwe cayo kije mu kiyaga co mu buseruko+, ikindi na co kije mu kiyaga co mu burengero+. Ivyo bizoba mu ci no mu rushana+.