20 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: ‘Ehe ishavu ryanje n’ubushangashirwe bwanje bigira bisukwe aha hantu+, ku muntu no ku gitungwa, no ku giti co mw’ishamba+ no ku vyamwa vy’ubutaka; buzokwaka, kandi ntibuzozima+.’
12 Abanyazi bashitse mu minyuro inoze yose yo mu gahinga. Kuko inkota ya Yehova iriko irarotsa kuva ku mpera imwe y’igihugu gushika ku yindi+. Nta mahoro ariho ku gifise umubiri na kimwe.