1 Abami 21:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Nuko abagabo b’igisagara ciwe, abagabo b’inararibonye n’abanyacubahiro baba mu gisagara ciwe, bakora nk’uko nyene Yezebeli yari yabatumyeko, nk’uko nyene vyari vyanditswe mu makete yari yabarungikiye+. Zaburi 74:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara. Yeremiya 18:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Nuko bavuga bati: “Nimuze twiyumvire ivyiyumviro vyo kugirira nabi Yeremiya+, kuko itegeko ritazova ku muherezi+ canke ngo impanuro ive ku muntu w’inkerebutsi canke ngo ijambo rive ku muhanuzi+. Nimuze tumukubitishe ururimi+, kandi ntihagire na rimwe mu majambo yiwe twumviriza.” Gucura intimba 2:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+. Ezekiyeli 20:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’
11 Nuko abagabo b’igisagara ciwe, abagabo b’inararibonye n’abanyacubahiro baba mu gisagara ciwe, bakora nk’uko nyene Yezebeli yari yabatumyeko, nk’uko nyene vyari vyanditswe mu makete yari yabarungikiye+.
9 Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.
18 Nuko bavuga bati: “Nimuze twiyumvire ivyiyumviro vyo kugirira nabi Yeremiya+, kuko itegeko ritazova ku muherezi+ canke ngo impanuro ive ku muntu w’inkerebutsi canke ngo ijambo rive ku muhanuzi+. Nimuze tumukubitishe ururimi+, kandi ntihagire na rimwe mu majambo yiwe twumviriza.”
9 Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+.
3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’