ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 21:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Nuko abagabo b’igisagara ciwe, abagabo b’inararibonye n’abanyacubahiro baba mu gisagara ciwe, bakora nk’uko nyene Yezebeli yari yabatumyeko, nk’uko nyene vyari vyanditswe mu makete yari yabarungikiye+.

  • Zaburi 74:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Ibimenyetso vyacu nta vyo twabonye; nta muhanuzi akiriho+,

      Kandi nta n’umwe muri twebwe azi igihe bizomara.

  • Yeremiya 18:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Nuko bavuga bati: “Nimuze twiyumvire ivyiyumviro vyo kugirira nabi Yeremiya+, kuko itegeko ritazova ku muherezi+ canke ngo impanuro ive ku muntu w’inkerebutsi canke ngo ijambo rive ku muhanuzi+. Nimuze tumukubitishe ururimi+, kandi ntihagire na rimwe mu majambo yiwe twumviriza.”

  • Gucura intimba 2:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Amarembo yiwe+ yanyikiye mu kuzimu. Yaranduye yongera aravunagura ibihindizo vyiwe.

      Umwami wiwe n’abaganwa biwe bari mu mahanga+. Nta tegeko rihari+.

      Abahanuzi biwe na bo nyene nta yerekwa baronse rivuye kuri Yehova+.

  • Ezekiyeli 20:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika