28 Hari ikintu kimeze nk’ishusho y’umuheto+ uza mu gicu ku musi imvura icuncubuka. Ukwo ni ko ishusho ya nya kwakaka yari imeze impande zose. Yari ishusho y’ukuntu ubuninahazwa bwa Yehova busa+. Ndabibonye, nca ngwa nubamye+, maze numva ijwi ry’uwuvuga.