10 Umwamikazi na we, kubera amajambo y’umwami n’abakomakomeye biwe, aca yinjira marimari no muri nya kibanza c’inzimano. Umwamikazi avuga ati: “Ewe mwami, uragahoraho mbere gushika ibihe bitagira urugero+. Ivyiyumviro vyawe ntibigutere ubwoba, canke ngo mu maso hawe hahinduke.