ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Zaburi 5:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Kuko mu kanwa kabo ata kintu co kwizigirwa kiriyo+;

      Imbere muri bo ni amarushwa gusa+.

      Umuhogo wabo ni imva irangaye+;

      Bakoresha akarimi gasosa+.

  • Matayo 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma+ baza kuri mwebwe bambaye nk’intama+ mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara+.

  • Ivyakozwe 20:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Ndazi yuko ninamara kugenda amabingira y’agahahazo+ azokwinjira muri mwebwe kandi ntazofatana ikibabarwe ubusho,

  • Abagalatiya 1:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mbega none, mugira ngo ubu abo ndiko ngerageza gutuma banyurwa ni abantu canke Imana? Canke ndiko ndondera gushimisha abantu+? Hamwe noba ngishimisha abantu+, sinoba ndi umushumba wa Kristu+.

  • 2 Petero 2:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Vyongeye, babigiranye umwina bazobarya imitsi bakoresheje amajambo y’uruhendo+. Mugabo ku biberekeye, urubanza rwo kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika