25 Kandi, nk’uko ugutahura kwimbitse kwiwe kuri, azotuma ubuhendanyi buroranirwa mu kuboko kwiwe+. Azokwihambaza mu mutima wiwe+, atikize benshi igihe ata wuzoba ari n’ico yinona+. Azohaguruka arwanye wa Muganwa w’abaganwa+, mugabo azovunagurwa ata kuboko gukoreshejwe+.