Zaburi 46:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi+.Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura+;Imikogote ayituririra mu muriro+. Yesaya 2:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Kandi azoca imanza koko hagati mu mahanga+, agorore ibintu+ ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyinshi+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+. Ezekiyeli 39:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kandi ababa mu bisagara vya Isirayeli bazosohoka koko baturire ibirwanisho, bacanishe imiriro ibirwanisho n’udukinzo dutoyi be n’inkinzo zagutse, hamwe n’imiheto n’imyampi n’inkoni zo mu minwe be n’amacumu; bazobicanisha imiriro+ imyaka indwi. Zakariya 9:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Nzorandura koko umukogote w’intambara muri Efurayimu, n’ifarasi muri Yeruzalemu+. Kandi umuheto w’urugamba+ uzorandurwa ata kabuza. Azobwira amahanga ivy’amahoro+; kandi ubutware bwiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre kuri rwa Ruzi bushike ku mpera z’isi+.
9 Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi+.Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura+;Imikogote ayituririra mu muriro+.
4 Kandi azoca imanza koko hagati mu mahanga+, agorore ibintu+ ku bijanye n’ibisata vy’abantu vyinshi+. Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra+. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana+.
9 Kandi ababa mu bisagara vya Isirayeli bazosohoka koko baturire ibirwanisho, bacanishe imiriro ibirwanisho n’udukinzo dutoyi be n’inkinzo zagutse, hamwe n’imiheto n’imyampi n’inkoni zo mu minwe be n’amacumu; bazobicanisha imiriro+ imyaka indwi.
10 Nzorandura koko umukogote w’intambara muri Efurayimu, n’ifarasi muri Yeruzalemu+. Kandi umuheto w’urugamba+ uzorandurwa ata kabuza. Azobwira amahanga ivy’amahoro+; kandi ubutware bwiwe buzohēra ku kiyaga bushike ku kindi, buhēre kuri rwa Ruzi bushike ku mpera z’isi+.