47 Arahava angarukana ku bwinjiriro bwa ya Nzu+, maze, ehe hari amazi+ asohoka avuye munsi y’urwinjiriro rw’iyo Nzu ugana mu buseruko+, kuko uruhande rw’imbere rwa nya Nzu rwari mu buseruko. Ayo mazi yamanuka avuye munsi, ku ruhande rw’iburyo rwa nya Nzu, mu bumanuko bwa ca gicaniro.