11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+.