16 Kandi hazobaho koko inzira y’ikirari+ iva muri Ashuri ku bw’amasigarira+ y’abantu biwe bazoba basigaye+, nk’uko nyene habayeho inzira ya Isirayeli wa musi yaduga avuye mu gihugu ca Misiri.
13 Kandi uku ni ko bitegerezwa kuba kuri uwo musi: hazovuzwa inzamba ihambaye+, kandi abariko barayogera mu gihugu ca Ashuri+ be n’abashwiragijwe mu gihugu ca Misiri+, bazoza koko bunamire+ Yehova ku musozi mweranda i Yeruzalemu+.
11 Bazoza bavuye mu Misiri bajugumira nk’inyoni+, no mu gihugu ca Ashuri bajugumira nk’inuma+; kandi nzotuma koko baba mu mazu yabo,” ni ko Yehova avuze+.