ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 32:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ibuka Aburahamu, Izahaki na Isirayeli abasavyi bawe, abo warahiye wewe nyene+, mu kubabwira uti: ‘Nzogwiza uruvyaro rwanyu nk’inyenyeri zo mu majuru+, kandi iki gihugu cose nerekanye nzogiha uruvyaro rwanyu+, kugira ngo bacigabire koko gushika igihe kitagira urugero+.’”

  • Yeremiya 31:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 “Mbega Efurayimu ni umuhungu w’agaciro kuri jewe, canke umwana afatanwa urukundo+? Kuko uko nzomuhambarira kwose, nzosubira kumwibuka ata kabuza+. Ni co catumye amara yanje amusebagirikira+. Nzomwumvira koko ikigongwe+,” ni ko Yehova avuze.

  • Gucura intimba 3:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Kuko naho yateje intuntu+, atazobura no kugira imbabazi, nk’uko ubwinshi bw’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe buri+.

  • Matayo 24:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize; mugabo ku bw’abatowe+, iyo misi izogerurwa+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika