Kuvayo 23:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 “Kandi muze mwiyubare ku vyo nababwiye vyose+; kandi ntimugacishe mu kanwa izina ry’izindi mana. Ntirikwiye kwumvikana mu kanwa kawe+. Gusubira mu vyagezwe 12:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+. Yesaya 2:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Kandi imana ata co zimaze zizogenda amazimayongo+. Ezekiyeli 36:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Nzobamijagirako amazi atyoroye, namwe mube abatyoroye+; nzobuhagira ubuhumane bwanyu bwose+ n’ibigirwamana vyanyu vyose vy’umwanda+. Zefaniya 1:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 “Nzoramvura ukuboko kwanje nkubite Yuda be n’ababa i Yeruzalemu bose+, kandi aha hantu nzoharandura abasigaye ba Bayali+, izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga be n’abaherezi+,
13 “Kandi muze mwiyubare ku vyo nababwiye vyose+; kandi ntimugacishe mu kanwa izina ry’izindi mana. Ntirikwiye kwumvikana mu kanwa kawe+.
3 Mutegerezwa gusiturira hasi ibicaniro vyayo+ no gusavya inkingi nyeranda zayo+, kandi mukwiye guturirira mu muriro ibikingi vyayo vyeranda+ no kwicira ibishusho bibajwe+ vy’imana zayo, murandure n’amazina yazo ave aho hantu+.
25 Nzobamijagirako amazi atyoroye, namwe mube abatyoroye+; nzobuhagira ubuhumane bwanyu bwose+ n’ibigirwamana vyanyu vyose vy’umwanda+.
4 “Nzoramvura ukuboko kwanje nkubite Yuda be n’ababa i Yeruzalemu bose+, kandi aha hantu nzoharandura abasigaye ba Bayali+, izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga be n’abaherezi+,