17 Maze Elisha atangura gusenga+ ati: “Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe+, kugira ngo abone.” Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, ku buryo abona; maze ehe, nya karere k’imisozi kari kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara+ y’umuriro hirya no hino ya Elisha+.