Yesaya 57:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Nayo mwebwe, nimwegere ng’aha+, mwa bana b’umugore nyamuragura+, mwa ruvyaro rw’umusambanyi n’urw’umugore akora ubumaraya+: Matayo 16:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa+ atari ikimenyetso ca Yona+.” Aca arigira, abasiga ng’aho+. Matayo 17:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Yezu yishura ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Munzanire hano.” Mariko 8:38 Bibiliya y’isi nshasha 38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.” Yakobo 4:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.
3 “Nayo mwebwe, nimwegere ng’aha+, mwa bana b’umugore nyamuragura+, mwa ruvyaro rw’umusambanyi n’urw’umugore akora ubumaraya+:
4 Iyaruka ribi kandi ry’irisambanyi riguma rirondera ikimenyetso, mugabo nta kimenyetso rizohabwa+ atari ikimenyetso ca Yona+.” Aca arigira, abasiga ng’aho+.
17 Yezu yishura ati: “Ewe wa yaruka ritagira ukwizera kandi rigoramanze+, nzogumana namwe kugeza ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Munzanire hano.”
38 Kuko uwo wese aterwa isoni nanje be n’amajambo yanje muri iri yaruka ry’irisambanyi kandi ry’iricumuzi, n’Umwana w’umuntu azoterwa isoni+ na we niyashika mu buninahazwa bwa Se ari kumwe n’abamarayika beranda+.”
4 Yemwe bagore murenga ibigo+, ntimuzi yuko kugiranira ubugenzi n’isi ari ukwankana n’Imana+? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi+ w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+.